Abafashije FPR gukuraho ubutegetsi bwa Habyarimana barishuza
 inkuru ya bbc gahuzamiryango
 

 

Umutwe w'abasirikare b'abanya Ouganda bavuga ko barwanye mu ngabo z'u Rwanda, wiyita NON CITIZENS, uvuga ko Leta y'u Rwanda ibaheraniye.

Non Citizens ikavuga ko ihaye leta y'u Rwanda ukwezi kumwe k'ukuba yabarishe amafaranga yabo.

 

 

 

Ayo mafaranga ngo n'imperekeza zigera kuri miliyaridi 3 na miliyoni 700 z'amafaranga y'u Rwanda .

Ayo mahera bayumvikanye umukuru w'u Rwanda Paul Kagame akiri icegera ca FPR ,ari n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi mu 96 .

Leta y'u Rwanda yobaha ayo ibafitiye kuva kuva aho ibasezereye mu kwezi kwa 9 ko muri uwo mwaka .

Umukuru wa Non Citizens ari muri Ouganda avuga ko ico gihe bafasha FPR gukuraho Nyakwigendera Habyarimana bari kumwe n'abarundi ,abanya Congo, Kenya ,Soudani ,n'ahandi ...